Igisabo c'uko hoba ihindurwa ry'izina ry'ikibanza ,ubu citwa Siège Harroy
Igisabo c'uko hoba ihindurwa ry'izina ry'ikibanza ,ubu citwa Siège Harroy :
Turondere izina ry'ikirundi tuhita.
Kubo vyega kuva kunzego zo hasi gushika kunzego zo hejuru :
Twebw abenegihugu bafis ishaka, dutanguje iki gisabo kugira dusabe kumugaragaro ko izina ry'igikoloni ry'ikibanza kiri kwibarabara ry'igihugu numéro 1 ( RN1) , ahantu uhashitse ucubona ishusho y'igisagara ciza ca Bujumbura , ryohindurwa hakitw izina riha iteka abakurambere bacu, imico yacu ndetse n'indangaciro zacu.
Kirya kibanza, uravy ukuntu kiri n'ahantu hatey igomwe,
giha iteka abakoloni mukwitwa izina ry'umubiligi yahoze aducura bufuni na buhoro, ariwe Harroy.
Irya tribune yari yashizweho ngo havugirw ijambo ry ukwinjira icese rirya barabara RN1.
Mbere naho rirya barabara ubu rifasha cane u Burundi.
Icatumye abakoloni baryubaka kirazwi neza ,
Baryubatse kugirango ribafashe mubikorwa vyabo vy Ubukoloni bari barimwo,
Ntihagir uwibesha ngo rirya barabara ryari ryubakiwe abarundi ico gihe.
Ninaco gituma turiko turasaba ko izina rya harya hantu ryohindurwa.
IMVO nyamukuru zitumye zitumye tugira iki gisabo n izi :
1. Guha agaciro imico n'akaranga vyacu :
Izina ry'ikirundi rituma twiyumva ko turi abarundi kandi turi mu Burundi koko .
2. Gufutanganya ibisigarira vy'agacinyizo basokuru bakorewe :
Kuguma amazina y'abakoloni bituvyurir ishavu kuko bitwibuts akarenganyo n'agacinyizo basokuru bakorewe
3 . Gutang akarorero keza kurunganwe rwo muri kazoza :
Iyi ngendo yo guha agaciro ivyacu ,
izotuma urwaruka rukingira cane imico n'akaranga barazwe naba sokuru babo.
4 Gukomez ubumwe bw'abarundi.
Izina ritahurwa n'abarundi Bose rizokomez iteka kugihugu, ryongere rikomez ubumwe bw abarundi nakare abarundi dusangiye kahise kamwe.
Iyi Gisabo rero,
kije kwunganira leta y'uBurundi mumugambi yatanguje wo kwita amazina y ikirundi ibibanza bihambaye hamwe n'amabarara ( ibarabara ryitiriwe mwezi gisabo, aéroport Melchior Ndadaye n'ibindi .....)
Ninaco gituma dusavy dushimitse abo vyega bose , zab inzego z'igihugu, baba abarongoye amakaminuza , abarongoy abandi mukibano canke n abenegihugu basanzwe, ko boshigikira Iyi ngendo yacu ishaka impinduka ikomeye kandi yumvikana.
Turizera ko iki kintu dusavy naho womengo ni gitoya , kizoba intambwe ikomeye itwerekeza Aho tuzosanga igihugu gifise abarundi baha agaciro n icubahiro ibintu vy'iwabo .
Imbere yuko usinya kw iki gisabo,
Subir urabe ico turiko turasaba :
• Dusaba Ikurwaho kumugaragaro ry'izina ry'umubiligi w'umukoloni Harroy muri kirya kibanza ciza.
Kirya kibanza nimuze tukigire ikimenyetso c ubutwari bwaranz abakurambere bacu mugihe c ubukoloni canke ukwivyukiranya kwacu kW inyuma y ubukoloni.
Nimusinye rero mushire hejuru amajwi yanyu kw Iyi mpinduka izokwandikwa mumateka.
Mucubahiro cinshi no mumwizero ,
*Banda* na *Kwizera*
nkabaserukiye umuryango w aba "panafricain "uri ngaha mugihugu c uBurundi
Pétition pour le changement de nom de l'anienne tribune actuellement banc dénommé Siège Harroy : Revendiquons un nom en Kirundi
À l’attention des autorités locales et nationales,
Nous, citoyennes et citoyens engagés, lançons cette pétition pour demander officiellement le changement du nom colonial de la place [Nom actuel], située le long de la route nationale avec une vue imprenable sur Bujumbura, en un nom qui reflète et honore notre patrimoine autochtone, nos cultures et nos valeurs.
Cette place, en plus de son emplacement panoramique, perpétue un héritage colonial en portant le nom de l'ancien administrateur Belge Harroy. Cette tribune fut érigé pour le discours de l'inauguration de la RN1. Certe la route profite au Burundi, mais l'intention primaire de sa construction est bien connu, et le nommé ainsi fait transporter cette vision coloniale, qui avait besoin de ses infrastructure avant tout pour eux et leur projet coloniale. Cette route n'a jamais été fait pour le murundi lambdas, si ce n'est que pour le Murundi qualifié d'anciennement évolué.
Nous proposons ainsi le changement du nom cette emplacement
Nos raisons principales sont :
1. Revaloriser notre patrimoine culturel : Un nom en Kirundi renforce le sentiment d’appartenance et d’authenticité en tant que peuple.
2. Effacer les traces d’oppression : Le maintien des noms coloniaux ravive des souvenirs d’injustice et d’assujettissement.
3. Inspirer les générations futures : Une telle démarche incitera les jeunes à embrasser et protéger leur héritage culturel.
4. Renforcer l’unité nationale : Un nom qui parle à toutes et tous permettra de renforcer la fierté nationale et l’unité autour de notre histoire commune.
Cette pétition suit l'ambition montré par le gouvernement auparavant en nommant certains endroits et boulevard avec des noms autochtones. C'est pour cela que nous invitons toutes les parties concernées, qu’il s’agisse de responsables politiques, d’universitaires, de leaders communautaires ou de simples citoyens, à soutenir cette démarche en faveur d’un changement porteur de sens. Nous croyons fermement que ce geste, bien que symbolique, sera un pas important vers la construction d’une société où les valeurs locales sont pleinement reconnues et respectées.
En signant cette pétition, nous réclamons :
Le changement officiel du nom colonial de la place Siège Harroy
Faisons de cette place un symbole de notre fierté et de notre résilience.
Signez et faites entendre votre voix pour un changement historique !
Avec respect et espoir,
Banda Abdoul pour le collectif Panafrican basé principalement au Burundi
Abdoul Banda et Thierry Kwizera pour le collectif Panafrican Burundi Contacter l'auteur de la pétition